Uko wahagera

Burundi: Amasezerano y’Ubumwe Amaze Imyaka 25


Umusi w'ubumwe mu Burundi
Umusi w'ubumwe mu Burundi

Ku musi wa gatanu, igenekerezo rya 5 ry’ukwezi kwa kabiri, mu Burundi, niho hibukwa imyaka 25 irangiye, amasezerano y’ubumwe bw’abarundi, ateweko igikumu.

Reta y’Uburundi, co kimwe n’umugambwe w’abadasigana UPRONA, watwara igihe ayo masezerano yaterwako igikumu, bemeza kw’ayo masezerano yagize akamaro, naho hatabura uducamwo.

Uyo musi ariko ushitse mu gihe Perezida Pierre Buyoya yashizeho ayo masezerano, ari mu bantu bagirizwa n’umugambwe CNDD-FDD kw’ashaka gutembagaza ubutegetsi.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza ari I Bujumbura mu Burundi ni we wakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:15 0:00

XS
SM
MD
LG