Uko wahagera

Burundi: Reta Yemeza ko u Rwanda Rububangamiye


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, Alian Nyamitwe
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu, Alian Nyamitwe

Umushikiranganji w’imigenderanire y’u Burundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe avuga ko ingingo y’abakuru b’ibihugu vy’Afrika y’ukwanka inteko mvamakungu ziza mu Burundi ari ubutumwa ibihugu vyeretse ibihugu bimwe bimwe vya Bulaya ko vyokwisubirako mu bijanye n’imigenderanire bifitaniye n’u Burundi.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko inyuma y’amatohoza y’ubutungane Uburundi buzokwemerera abavyifuza bose kuza kwirabira ahavugwa ko hahambwe abantu mu kivunga mu binogo bimwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Nyamitwe yavuze ko ingingo yafashwe n’abakuru b’ibihugu vy’Afrika y’ukwanka umuzo w’inteko mvamakungu mu Burundi yisunze akarangamutima k’umuryango w’ubumwe bwa Afrika kuko washinzwe mu ntumbero y’ukwiganzura abakoroni n’ukwanka agacinyizo ka bakavantara.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:27 0:00

Umushikiranganji w’imigenderanire y’u Burundi n’ayandi makungu yanishuye kandi ku kibazo c’amasanamu yafashwe n’ibigendajuru aherutse gushirwa ahabona n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty international ryemeza ko hari ibibanza abantu bahambwemwo ari benshi mu binogo bimwe bita fosses communes mu gifaransa.

Nyamitwe yemeje ko abavyifuza bazohabwa uburenganzira bwo kuza kwirabira ariko amatohoza y’umushikirizamanza kizigenza wa Republika aheze.

Imbere y’uko hashirwa ahabona ivy’ayo matohoza, umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon aherutse kuvuga ko azishikira mu Burundi gusukamwo mabisi.

Eka n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryavuze ko rizorungika intumwa zo ku rwego rwo hejuru.

Uruhara rw’Urwanda

Umushikiranganji w’imigenderanire y’u Burundi n’ayandi makungu yibukije ko u Burundi bufise ivyemezo bihagije vyerekana ko U Rwanda rushigikiye abashatse guhirika ubutegetsi mu Burundi n’uko urwaruka rw’abarundi ruvanwa mu makambi y’impunzi murico gihugu rukajanwa mu makambi y’imyimenyerezi ya gisirikare.

Umushikiranganji Nyamitwe yemeza kandi ko hari n’icegeranyo c’abahinga ba ONU co mw’ibanga cerekana ko hari abaroye muriyo myimenyerezo bari ku butaka bwa Congo bavyiyemerera. Ariko umushikiranganji Nyamitwe yavuze ko yubaha Perezida Kagame kuko yatowe n’abanyagihugu ariko agasaba U Rwanda gukora uruhara rwarwo mu ntumbero y’ukwirinda itosekara ry’imigenderanire hagati y’u Burundi n’u Rwanda.

XS
SM
MD
LG