Uko wahagera

Ubufaransa Bushaka Palesitina Yigenga


Igihugu c’Ubufaransa kiriko kiragerageza ukuntu hotorwa inyishu y’intambara iri hagati ya Israyeli na Palesitina. Ubufaransa ariko bumenyesha ko mugihe utwo twigoro twaco twosendwa, hazoca hemerwa igihugu ya Palesitina.

Minisitiri w’imigenderanire w’Ubufaransa n’ayandi makungu Laurent Fabius yabwiye aba diplomate b’Ubufaransa ko mu ndwi ziri imbere Ubufaransa buzotumako inama mpuzamakungu kugira batore umuti wo kurangiza intambara hagati ya Israyeli na Palesitina.

Utwigoro twagizwe na Reta zunzubumwe za Amerika mu ntumbero yo gushiraho ibihugu bibiri twarasenzwe mu kwezi kwa kane umwaka wa 2014. Kuva ico gihe ntakindi cakozwe kugira ibiganiro bibandanye.

Ministre Fabius yagabishije ko mugihe atacokorwa, umugambi wo gushinga ibihugu bibiri woba utsinzwe kandi bizoba bihaye akaryo umuhari wa "Etat Islamique" ko kuronka abarwanyi.

Mu mezi aheze hahitiye ubugizi bwa nabi aho Abanyepalesitina bishe abanye Israyeli 25 bakoresheje imbugita, inkoho ndetse n’imodoka.

Mur’ico gihe kandi abanyepalestina 159 barishwe n’inzego z’umutekano za Israyeli bahorwa kugaba ibitero, abandi biciwe mu migumuko batana mu mitwe n’inzego z’umutekano.

XS
SM
MD
LG