Uko wahagera

USA: Amerika Irashakisha Uburyo bwo Guhashya ISIS


Perezida Barack Obama wa Reta zunzubumwe za Amerika yarabonanye na Sekreteri ajejwe kwivuna abansi wa Amerika Ash Carter kugira barabire hamwe uburyo bokoresha kugira barwanye umuhari wa ISIS (Etat Islamique) hamwe n’iyindi mirwi iriko iragerageza kwifatira ibibanza mu bihugu vya Iraki Siriya na Libiya.


Nkuko bimenyeshwa n’umuvugizi mubiro vya Perezida Obama Josh Earnest, bumwe mu buryo Amerika izokoresha n’ukurungika inteko zidasanzwe zizoja kugaba ibitero, kubohoza imbohe, gufata indongozi za "Etat Islamique" no kugira ibikorwa vy’iperereza.

Sekreteri Carter amenyesha ko bakwiye kwihuta kurwanya no gutsina "Etat Islamique". Ubushikiranganji bwo kwivuna aabnsi muri Amerika bwamenyesheje ka abarwanyi b'uwo mutwe bagiye muri Libiya gutanga imyimenyerezo no kurondera abandi barwanyi.

XS
SM
MD
LG