Uko wahagera

Burukina Faso: Igitero ku mugwa mukuru


Muri Burukina Faso harabaye igitero kububiko bw’ibirwanisho buri mu micungararo y’umurwa mukuru Ouagadougu. Ico gitero cabaye ejo kuwa gatanu, igihe c’isaha icenda z’agatondo mu masaha yaho

Abategetsi bagiriza ico gitero abo mu kagwi kahora gacungera umukuru w’igihugu gaheruka guteshwa mu gushaka gusenyura reta mu kwezi kwa cenda guheze.

Liyetena Koloneli Colonel William Yameogo avugira igisirikare ca Burkina faso yamenyesheje ko atawahasize ubuzima. Amenyesha ko abagavye ico gitero bamenyekanye. Bamwe n’abahoze bacungera umukuru w’igihugu.

XS
SM
MD
LG