Uko wahagera

ONU n'u Burundi Ntibumvikanye kuri Byinshi


 Perezida Nkurunziza n'Intumwa za ONU I Gitega mu Burundi
Perezida Nkurunziza n'Intumwa za ONU I Gitega mu Burundi

Intumwa z’akanama kajejwe umutekano mu Burundi ejo kuwa gatanu zarabonanye na Perezida Petero Nkurunziza w’Uburundi. Ambasaderi w'Amerika muri ONU Samantha Power arongoye izo ntumwa yaragize ico ashikiriza inyuma y’uwo mubonano.

Ambasaderi Power yaragize ati, twarashikirije ko dufise impungenge kuvyagiriji vyuko hari ibihugu vyo hanze bifise uruhara mu guhungabanya umutekano muke mu Burundi.Twatanguye kubivugana mu mwiherero, ubu naho tubivuze ku mugaragaro.

Ati ibi birahambaye, nta numwe ashigikiye imirwi itavugarumwe na reta ikoresha ibirwanisho naho yoba ifise ivyo igomba gusaba uko biri kose. Naho vyoba ari ivyerekeye ikiringo kigira gatatu ntambabazi kubakoresha ubwicanyi kugira bumvirwe.

Intumwa y'Amerika muri ONU yongeyeho ati, twarabonanye n’abo muri sosiyete sivile hamwe n’abakorera ibimenyeshamakuru vyigenga bagiye baraterwa ubwoba, mbere na bamwe bahunze igihugu.

Ku biganiro intumwa za ONU zagiranye na Perezida Nkuruziza, Ambasaderi Power yavuze ati, kimwe muvyo twabwiye Perezida Nkurunziza n’ivyerekeye ibiregwa ku nzego z’umutekano, kurwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi no ku gipolisi. Ubwicanyi bukorwa n’abo ntibubabaza abanyagihugu gusa ataco bazira ariko bushobora gutuma ibintu biyangara.

XS
SM
MD
LG