Uko wahagera

Uganda: Dominic Ongwen mu Rukiko rwo mu Buholandi


Sentare mpuzamakungu mpanavyaha iriko irihweza nimba yocira urubanza Dominic Ongwen yari umutegetsi akomeye mu vyerekeye igisirikare mu murwi "Lord’s Resistance Army".

Uyu Ongwen yagirizwa ivyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka amuntu mirongo irindwi harimwo ubwicanyi, kugira abantu abashumba, gusahura n’ugufata bunyamaswa abasivile.

Inyuma yuko yumvirije abashikirizamanza n’abamuburanira, vyitezwe ko umucamanza afata ingingo nimba hari ivyemezo bihagije kugira urubanza rube.

Ongwen yishikirije inteko zidasanzwe za Amerika haheze umwaka mu gihugu ca Centrafrique, mu vyarangije akigoro k’imyaka cumi k’ugutuma ashirwa imbere y’intahe ku vyaha bikabije vy’umurwi Lord’s Resistance Army.

Ishirahamwe riharanaira agateka ka muntu, Human Rights Watch ryatangaje uno musi ku wa kane kw’iyo ari intambwe ikomeye cane ku vyerekeye kubazwa ku vyaha vyakozwe mu gihugu ca Uganda.

XS
SM
MD
LG