Uko wahagera

Uganda: Museveni Ashobora Gutsinda Amatora


Abandii bakandida Dr. Kizza Besigye, Amama Mbabazi na Norber Mao
Abandii bakandida Dr. Kizza Besigye, Amama Mbabazi na Norber Mao

Ivyiyumviro biheruka gutororokanwa mu banyagihugu ba Uganda vyerekana ko Perezida Yoweri Museveni ariwe afise amahirwe yo gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe italiki 18 z’ukwezi kwa kabiri kuza.

Ayo matohozwa yakozwe n’ishirahamwe "World International" yerekana ko Perezida Museveni ashobora gutahukana amajwi 51 kw’ijana.

Dogiteri Kizza Besigye arongoye umugambwe ukomeye utavugarumwe n’ubutegetsi Forum for Democratic Change (FDC) aza ubwa kabiri kumajwi 32 kw’ijana mugihe Patrick Amama Mbabazi yigeze kuba Minisitiri wa mbere aza mu kibanza ca gatatu kumajwi 12 kw’ijana.

Ivyo vyiyumviro mu banyagihugu vyatororokanijwe mur’uku kwezi kwa mbere kuva italiki cumi na zitanu gushika cumi n’icenda.

Habajiwe abantu bashika ibihumbi 2,685 bo mu turere 89 twa Uganda.

XS
SM
MD
LG