Uko wahagera

Amerika n'Uburayi Byahagurukiye ISIS


Umushikiranganaji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ash Carter
Umushikiranganaji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ash Carter

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Ash Carter yatangaje ivyerekeye inama y’abashikiranganaji mirongo ibiri na batandatu i Buruseli mu ndwi zitatu zimirije kuganira ibikorwa vya gisirikare ku barwanyi b’umurwi Islamic State.

Carter avuga kw’ibihugu vyose biterezwa kuza vyiteguye kuganira iyindi ntererano bishobora gutanga mu rugamba rw’ukurwanya umurwi Islamic State. Imbere yaho, Carter yatangaje ko ashaka kuganira na bagenziwe n’ibihugu vy’Ubufransa, Ositaraliya, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubwongereza n’Ubuhollande ku kugene bashobora kwihutisha akigoro kabo n’ibizoba bitegerezwa gukorwa.

Yongeye kandi arerekana akamaro k’uruhara rw’abaserukira ibihugu vy’Abarabu bashobora gutanga intererano ikomeye mu twigoro tw’urunani ruyobowe na Amerika mu bihugu vya Iraki na Syria.

XS
SM
MD
LG