Uko wahagera

Arabiya Sawudite Irateganya Gukora Bombe


Minisitiri w’imigenderanire n’amakungu wa Arabiya Saoudite Adel al-Jubeir yanse kwemanga ko igihugu ciwe citeguye kurondera ibirwanisho vya Nukleyeri mugihe Irani yobabera intambamyi.

Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru ry'Abongereza Reuters ejo kuwa kabiri yamenyesheje ko igihugu ciwe kizokora ibishoboka vyose kugira gikingire abanyagihugu baco. Jubeir yamenyesheje yuko mugihe Irani cokoresha amafaranga yaco inyuma yuko gikuweko ibihano mugutez’imbere abanyagihugu baco vyoba ari vyiza cane.

Ibihugu vya Arabiya Sawudite, Isirayeli ndetse na bamwe mu bashingamateka ba Reta zunzubumwe za Amerika ntibashigikiye amasezerano yasinywe hagati y’ibihugu rutura na Irani.

Bamenyesha ko bafise ubwoba ko Irani ishobora gukoresha amamiliyaridi y’amadolari mu gushigikira ibikorwa vy’iterabwoba no gufasha imihari y’abarwanyi.

Icuka kibi hagati ya Arabiya Sawudite n’abayisilamu b’aba Shiite bo muri Irani catanguye kuva aho Arabiya Sawudite ciciye umunyedini w’umu Shiite kimwagiriza ko yashigikira ibikorwa vy’iterabwoba

XS
SM
MD
LG