Uko wahagera

Amerika Isaba Uburundi Kwemera Iperereza


Reta zunzubumwe za Amerika ziratewe umutima uhagaze n’amaraporo aheruka gusohoka amenyesha ko habaye uguhohotera agateka kazina muntu mu Burundi.

Izo raporo zirimwo iy’igisata ca ONU kijejwe agateka kazina muntu hamwe n’iya Komisiyo ya Afurika ijejwe agateka kamunutu.

Amaraporo atangwa n’abavyiboneye nayo amenyesha ko hari ibinogo vyafubwemwo abantu ikivunga, ko har’abantu banyuruzwa hamwe n’abantu basinzikarizwa ubuzima. Abandi bavuga ko abakenyezi bafatwa kunguvu n’inzego z’umutekano mu Burundi.

Kubw’ivyo Reta ya Amerika isaba reta y’Uburundi kureka hakaza vuba bwango abarorerezi b’ivy’agateka kazina muntu kugira bagire amatohozwa kur’ivyo birego.

Reta ya Amerika isaba Reta y’u Burundi kwemera hakaba amatohozwa yihuta kandi ataho yegamiye kur’ubwo bwicanyi kandi abazokwagira bakazishura ivyo bakoze.

Reta ya Amerika ibandanya imenyesha ko ihangayikishijwe n’uruhagarara rwa politike hamwe n’ubuzima bw’abanyagihugu bubandanya buhangabana.

Abafise uruhara mu biriko biraba mu Burundi bose basabwe guhagarika ubwicanyi kandi uburyo bwonyene buzotorera inyishu ibibazo nuko impande zose zoja mu biganiro bishigikiwe n’amakugu atakibanje gusabwa.

XS
SM
MD
LG