Abanyamerika mu gihugu cose bibutse uno musi ku wa mbere italiki y’amavuko ya Pasiteri Martin Luther King Jr. yayoboye umuhari w’abaharanira uburengenzira n’agateka k’abirabure muri Amerika.
Matrin Luther King yamenyekanye cane mu mwaka w’1955 igihe yayobora ukwihoza ama bisi atwara abantu mu gisagara ca Montgomery mu ntara ya Alabama, mu bumanuko bwa Reta zunze uumwe za Amerika. Ni mu byatumye ico gisagara gikuraho inyifato y’ugukumira abirabure mu mabisi atwara abantu.
Yamara umuyobozi akomeye cane mu rugamba rw’uguharanira uburengenzira n’agateka ka muntu k’abirabure mu myaka y’1950 n’imyaka y’1960. Uyu mushingantahe yashikirije ijambo rikomeye ryinjiye mu mateka, “I Have a Dream”, n’ukuvuga “Ndafise Inzozi” mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’1963 mu gisagara ca Washington DC.
Yararonse agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, mu mwaka w’1964, umwaka itegeko rikomeye ryekeye uburenganzira bw’abirabure ryaterwako igikumu na prezida Lyndon Johnson.
Pasiteri Martin Luther King Jr. yagandaguwe kw’italiki zine z’ukwezi kwa kane mu mwaka w’1968, mu gisagara ca Memphis, mu ntara ya Tennessee, aho yari yagiye gufata mu mugongo abakozi b’abirabura bakura imyavu mu mabarabara bari bagararije akazi kubera barondera guhabwa umushahara umwe n’abazungu.