Uko wahagera

Gitega: Burundu ku Bajenerali Bane b'Ingabo


Jenerali, Cyrille Ndayirukiye, hagati, igihe c'igeragezwa rya coup d'etat, ku murwa mukuru w'Uburundi, Bujumbura, kw'italiki 15 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'2015
Jenerali, Cyrille Ndayirukiye, hagati, igihe c'igeragezwa rya coup d'etat, ku murwa mukuru w'Uburundi, Bujumbura, kw'italiki 15 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'2015

Abo ba Jenerali bane ni Cyrille Ndayirukiye, Zenon Ndabaneze, Helmenegilde Nimenya na Juvenal Niyungeko batazira Kiroho.

Bose sentare yavuze ko bagiriwe n’ivyaha bitatu nyamukuru: ugushaka guhirika ubutegetsi, ukwica abasirikare, abapolisi n’abanyagihugu , uguha ibigwanisho abanyagihugu mu ntumbero y’ugutembagaza ubutegetsi hamwe n’ukubomora inyubakwa nyinshi.

Babiri muribo n’abatutsi bahoze mu gisirikare ca Leta. Abo ni Cyrille Ndayirukiye na Helmenegilde Nimenya. Bandi babiri n’abahutu bahoze mu muhari CNDD-FDD watwarwa na Perezida Nkurunziza ubwiwe imbere y’ugucika umugambwe ukanabona amahirwe y’ugutwara igihugu kuva mu mwaka w’i 2005. Abo ni Jenerali Juvenal Niyungeko na Zenon Ndabaneze.

Babiri bavuka mu ntara ya Muramvya, bandi babiri mu ntara ya Bururi. Abavuka i Muramvya ni Cyrille Ndayirukiye na Zenon Ndabaneze, nayo abaturuka i Bururi ni Helmenegilde Nimenya na Juvenal Niyungeko. Bose ukari bane rero bari bariyemereye mu ntahe y’icese icaha kimwe muvyo bagirizwa: Ugushaka guhirika ubutegtsi.

Ariko basiguye ko bari babikoze mu ntumbero y’ugukingira amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro bivuga ko ata mukuru w’igihugu yemerewe kurenza ibiringo bibiri kandi ko abasirikare b’intwazangabo bemerewe guhagararira ibwirizwa nshingiro n’ugukingira abanyagihugu .

Inyuma y’urubanza aba bagabo bompi babonetse bakeye mu maso batwenga mbere banaramutsa abari hanze y’icumba c’urukinja.

I uhande y’aba bapolisi n’abasirikare bafise ipete rya Jenerali Baciriwe umunyororo w’uguherayo, abandi bapolisi n’abasirikare umunani bahanishijwe umunyororo w’imyaka itanu, icenda bahanishwa ugufungwa imyaka 30 nayo ndwi muribo bejejwe n’ubutungane.

Aba 7 Umukuru wa sentare Albert Nduwimana yavuze ko ivyaha bakurikiranwako bidafashe.

Muribo harimwo Jenerali Prime Ngowenubusa yahoze ari icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare na Dr Koloneli Jean Bosco Daradangwa, umukukuruke mu gisirikare c’u Burundi.

Muri uru rubanza rw’abagirizwa ugushaka ubutegetsi, hari inzego n’abantu bari basavye indishi z’akababaro.

Hisunzwe amategeko y'Uburundi, aba bafungwa bafise ikiringo c’ukwezi kugira bunguruze.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:13 0:00

XS
SM
MD
LG