Uko wahagera

Arusha - Akarere Karihweza Ibibazo by'Uburundi


Mu gihugu ca Tanzaniya kur’uyu wa gatanu habaye inama ijejwe kumviriza ivyerekeye ibibazo biri mu Burundi.

Iyi nama yatumweko n’umurwi ujejwe ibibazo vyo mu karere ko muri Afurika y’Ubuseruko no gutorera umuti amatati y’inama nshingamateka y’ibihugu vyo muri Afurika yo mu buseruko EALA.

Imirwi ikorera mu karere irimwo ihuriro ry’abashingwamanza b’ubumwe bwa Afrika, ihuriro ry’amashirahamwe adaharanira inyungu za politiki yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe n’ishirahamwe ry’abacamanza bo muri Afrika y’Ubuseruko baramenyesheje umukuru w’inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko amakenga bafise kubiba mu Burundi.

Indyane za politiki mu Burundi zimaze gutuma abantu barenga ibihumbi 200 bata ingo zabo bahungira mu bihugu vyo mu karere.

Abdullah Mwinyi, arongoye komite ijejwe gutatura amatati yavuze ko abahinga b’ako kanama biteze kwumviriza abadahararira ivyicari vya politiki, abatavugarumwe na reta hamwe na reta y’Uburundi.

Iyo komite izoca ishikiriza icegeranyo c’ivyavuzwe vyose inama nshingamateka ya afrika y’Ubuseruko kugira ice ifata ingingo y’icokorwa mu ntumbero yo gufasha Uburundi gusohoka mu kaga burimwo

XS
SM
MD
LG