Uko wahagera

Ubusweda Bushaka Kuvugisha Julian Assange


Julian Assange yashinze ishirahamwe Wikileaks
Julian Assange yashinze ishirahamwe Wikileaks

Abashikirizamanza mu gihugu c’Ubusweda basavye uruhusha igihugu ca Equateur kugira bavugishe Julian Assange, muri Ambassade yaco i Londres Bwana Asange yashinze ishirahamwe Wikileaks.

Abashikirizamanza bo mu gihugu c’Ubusweda batangaje iyo ngingo uno musi ku wa gatatu, mu kuvuga ko bigoye kumenya igihe inyishu ishobora gutangwa.

Assange aba muri Ambassade y’igihugu ca Equateur mu Bwongereza kuva mu mwaka w’2012. Ariko agerageza kurwanya ingingo y’igihugu c’Ubusweda y’ukumurungika muri ico gihugu ku vyaha vy’uko yafashe umupfasoni ku nguvu.

Ageze mu gihugu c’Ubusweda, Assange ashobora kurungikwa muri Reta zunze ubumwe za Amerika gucibwa urubanza ku nkuru z’ibanga yasohoye akoresheje uburyo ngurukanabumenyi.

XS
SM
MD
LG