Uko wahagera

Umurwi ISIS Wiyitiriye Igitero muri Pakistani


Abategetsi mu buseruko bw’igihugu ca Afghanistani batangaje kw’igitero c’inkoho n’amabombe uno musi ku wa gatatu caturikiye muri Pakistani mu gisagara ca Jalalabad.

Ibisasu byahitanye inteko zijejwe umutekano indwi, abandi bantu cumi barakomereka, harimwo abasivile batatu. Abarwanyi b’umurwi Islamic State bariyitiriye ico gitero.

Igipolisi c’igihugu ca Afghanistani n’ivyabona batangaza kw’ico gitero caranguye igihe amabombe akomeye yaturitswa hafi y’inyubakwa y’uwuserukira igihugu ca Pakistani. Iyo nyubakwa iri hafi y’inyubakwa y’uwuserukira igihugu c’Ubuhindi, ibitaro n’amashule atari make.

Umukuru w’igipolisi co mu karere ka Jalalabad, General Fazal Mohammad Sherzard yabwiye abamenyeshamakuru ko abantu batatu bagize igitero barondera inyubakwa y’uwuserukira igihugu ca Pakistani. Yasobanuye kandi bari bafise imigambi y’ukwinjira muri iyo nyubakwa. Yamara amenyesha kw’inteko zijejwe umutekano zakikuje iyo nyubakwa zirica abo bantu mu kurasana kwamaze amasaha abiri.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Pakistani bwariyamirije ico gitero. Itangazo ry’ubwo bushikiranganji ryamenyesheje Pakistani casavye Reta ya Afghanistani gutohoza neza ivyerekeye ico gitero n’ukubona kw’umutekano w’abaserukira ico gihugu wubahirijwe muri Afghanistani.

XS
SM
MD
LG