Uko wahagera

Burundi: Abakoze Ibitero ku Makambi Basabiwe Burundu?


Abashikirizwamanza basabiye gufungwa burundu abantu barenga 50 bafashwe nyuma y’ibitero ku makambi ya gisilikari mu kwezi gushize mu murwa mukuru w'u Burundi Bujumbura.

Urwo rubanza rwaburanishirijwe mu rukiko rukuru rw'igihugu rw'i Muramvya n’abacamanza basanzwe bakorera muri sentare nkuru y’igihugu y’I Bujumbura. Amakuru Ijwi ry'Amerika rikesha abantu bakwizerwa barukurikiranye yemeza ko aba bantu bose bakekwa kuba baragize uruhare mu bitero byagabwe ku bigo bya gisilikari tariki 11 y’ukwezi kwa 12 mu 2015.

Abo bantu bose baburana bafunze, kandi ubushinjacyaha bwabagabanijemo ibice bibiri. Igice cya mbere ni icy’abantu bafatiwe kw’I Jabe na Nyakabiga. Iki gice gishinjwa ibyaha bitatu, birimo gutunga intwaro batabifitiye uburenganzira, kujya mu mitwe yitwaje ibirwanisho no kudurumbanya umutekano w’igihugu.

Igice cya kabiri kigizwe n’abantu bafatiwe ku Musaga ubushinjacyaha bw’Uburundi bushinja. Kimwe n’abantu bo mu gice cya mbere, aba na bo reta y’Uburundi ibashinjwa ibyaha bitatu. Ibyo ni gushaka guhindura inzego z’igihugu zitorewe n’abanyagihugu, babicishije mu nguvu. Icya kabiri, icyaha cyo kugaba ibitero ku makambi ya gisilikari nicyaha cya gatatu cyo kwica abashinzwe umutekano.

Aya makuru dukesha abantu bakurikiranye izi manza kandi yemeza ko, kuwa gatanu ku mugoroba, ari bwo, abashikirizwamanza ba bamwe muri abo bantu bamenyeshejwe ko bategerezwa kubunganira uyu munsi mu rukiko. Abavoka twavuganye, ariko batifuje ko amazina n’amajwi byabo bitatangazwa, basobanuye ko basabye urukiko kubaha umwanya uhagije bagasuzuma ku buryo bwimbitse icyo abo bunganira bagirizwa. Ibyo byatuma biga amadosiye yabo neza, hisunzwe amategeko agenderwaho mu Burundi.

Ikindi abo bavoka batumenyesheje, ni uko abenshi mu bantu bakekwa bari muri sentare ejo kuwa mbere, batari bafite ababunganira mu mategeko. Nyamara, ibyaha bashinjwa bishobora gutuma bafungwa igihe kirekire. Ubushinjacyaha bwabagejeje imbere y’urukiko rubita inkozi z’ikibi

XS
SM
MD
LG