Uko wahagera

Centrafurika: Babiri Bazahatana bwa Kabiri


Muri Centrafurika, abakandida Anicet Georges Dologuele na Faustin Archange Touadera bahoze ari abashikiranganji ba mbere, bazohangana mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Ayo matora ategekanijwe kuba kw’italiki 31 z’ukwezi kwa mbere muri uyu mwaka w’2016.

Ivyavuye mu ncuro ya mbere vy’agateganyo vyashikirijwe ku muhingamwo wo ku wa kane vyerekanye Anicet Georges Dologuele ari imbere n’ibice 24 kw’ijana vy’amajwi, agakwirikirwa na Faustin Archange Touadera n’ibice 19 kw’ijana.

Abakandida barenga mirongo itatu nibo bahiganywe mu ncuro ya mbere y’amatora yabaye kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na kabiri. Komisiyo y’igihugu y’amatora yatangaje kw’igitigiri c’abitavye amatora cashitse ku bice 79 kw’ijana.

XS
SM
MD
LG