Uko wahagera

Burundi: Uruhara rw'Abakenyezi mu Biganiro


Ibiganiro vyari bitegekanije kuba I Arusha kw’itari ya 6 z’uku kwezi ntivyabaye. Imwe mu mpavu reta y'Uburundi yanse kuvyitaba nuko yavuze kw’iyo tariki batayumvikanyeko n’umuhuza.

Ikindi Uburundi buvuga ko butazokwitaba ibiganiro igihe cose ivyo isaba bitazoba birashigwa mu bikorwa. Kimwe murivyo, reta ivugako idashobora kwicarana n’abafashe inzira yo kugwana, inzira yo guteza ingorane. Reta y’Uburundi iravuga kandi ko itemera bamwe mubatumiwe muri ivyo biganiro. Bamwe mubo itemera n’umugwi w’abakenyezi witwa WFFPS watumwe mu biganiro biheruka I Entebbe mu Buganda aho ryari rihagariwe n’umuyobozi waryo.

Mukiganiro MURISANGA, Auriane Itangishaka kw'itariki indwi z’ukwezi kwambere umwaka wi 2016, yaganiriye numwe mu bayobozi b'iryo shirahamwe kuruhara babona bafise mu biganiro bigamije guhuza Abarundi.

Uruhara rw'Abakenyezi mu Biganiro vy'Abarundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:55:18 0:00

XS
SM
MD
LG