Uko wahagera

Uganda: Urugomo mu Bikorwa byo Kwiyamamaza


 Kizza Besigye, umuyobozi w'ishyaka rya FDC muri Uganda
Kizza Besigye, umuyobozi w'ishyaka rya FDC muri Uganda

Umuvugizi w’igipolisi c’Ubuganda amenyesha ko Kizza Besigye akomeye mu batavugarumwe na reta hamwe n’abanywanyi biwe bagirizwa guhungabanya umutekano mu bikorwa vyabo vyo kwiyamamaza.

Imigumuko yabaye ejo yakomerekeje umupolisi umwe n’abandi bantu babiri mu ntara ya Bukwo, iri mu buseruko bwa Uganda.
Abapolisi bateye ivyuka bikoroza amosozi n’ibisasu bidakomeretsa kugira bashwiragize abantu, bica bituma haba imigumuko, nkuko bimenyeshwa n’igipolisi ca Uganda.

Abategetsi bamenyesha ko imigumuko yatanguye inyuma yaho Kizza Besigye n’abanywanyi biwe baburijwe n’igipolisi kwinjira mukigo kirimwo abantu bateshejwe izabo baca bahitamwo gukoresha inguvu mu gusunika abapolisi binjira ku nguvu.

XS
SM
MD
LG