Uko wahagera

CPJ: Kongo Ntizarungike Umumenyeshamakuru mu Burundi


Umushikiranganji w'igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, Lambert Mende.
Umushikiranganji w'igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, Lambert Mende.

CPJ, ikorera muri Amerika, ivuga ko kurungika Mwemero mu Burundi kwoba ari nk’ukumuroha

Ishirahamwe ryiyemeje gukingira abamenyeshamakuru ryateye akamo igihugu ca Repubulika ya Kongo Iharanira Demokarasi, kagisaba kutarungika umumenyeshamakuru Egide Mwemero mu Burundi.

Uyo mu menyeshamakuru ari mu minwe y’abagetsi bo mu gihugu ca Repubulika ya Kongo Iharanira Demokarasi kuva kw’igenekerezo rya 13 ry’ukwezi kw’icumi.

Bob Rugurika, umuyobozi w’iradiyo yigenga yo mu Burundi, Radio Publique Africaine, arinayo radiyo Mwemero yahora akorera, yabwiye ishirahamwe CPJ kw’afise ubwoba kw’uyo mumenyeshamakuru ashobora kwicwa mu gihe yorungikwa mu Burundi.

Abategesi b’Uburundi mur’uku kwezi barasavye kw’abamenyeshamakuru bashika bane barungikwa mu Burundi n’ibihugu bahungiyemwo.

Umuyobozi w’igisata c’iryo shirahamwe ajejwe intara ya Afurika, Sue Valentine yagize ati: “ Turateye akamo Perezida Joseph Kabila hamwe n’abategetsi bo mu gihugu ca Repubulika ya Kongo Iharanira Demokarasi, ngo bagire impuhwe, maze barekure Mwemero kugira ngo ashobore kuja mu Rwanda aho umuryango wiwe wahungiye. Ati umuntu yihweje uruhagarara rubandanya mu Burundi hamwe n’ukuntu umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi uterekwa ibinyahamakuru, kurungika Mwemero mu Burundi kwoba ari nk’ukumuroha.”

Igihe Mwemero yahagarikwa mu kwezi kw’icumi, umushikiranganji w’igihugu ca Repubulika ya Kongo Iharanira Demokarasi ajejwe gutangaza amakuru, Lambert Mende, yabwiye ishirahamwe CPJ kw’uyo mumenyeshamakuru yahagaritswe kubera yakoresheje iradiyo y’ikinyamahanga kandi ata ruhusha yari yabironkeye hamwe n’ukuba yararanguye umwuga wo gutangaza amakuru ata mpapuro zimuha uburenganzira afise.

Ishirahamwe CPJ hamwe n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo mu Burundi, arazi ko hari abamenyeshamakuru bashika 100 bahunze igihugu c’Uburundi kuva aho imyiyerekano itanguriye mu kwezi kwa kane hamwe na coup d’etat yateshejwe mu kwezi kwa gatanu.

Benshi mur’ayo bamenyeshamakuru bavuye mu gihugu, bavuga ko bari baturubitswe kandi bari bafise ubwobwa kw’ubutungane bushobora kubakwirikirana.

XS
SM
MD
LG