Uko wahagera

2015: Siriya Ni Yo Yaguyemo Abanyamakuru Benshi


Ishirahamwe rijejwe gukingira abamenyeshamakuru kw’isi, CPJ, ritangaza ko umwaka 2015 wabaye umwe mu myaka yambere yari igizwe n’ubwicanyi bwinshi kubamenyeshamakuru kw’isi. Aho iryo shirahamwe ryo muri Amerika, CPJ, rivuga ko hapfuye abamenyeshamakuru bari kukivu bashika kuri 69.

Umwaka wa 2015 ugira gatandatu kurutonde rw’ibihugu vyambere vyagizwe n’ubwicanyi bwinshi ugereranije n’iyindi myaka 10 iheze.

Ku ncuro igira kane igihugu ca Siriya muri uyu mwaka wa 2015, congeye kuba icambere mu bwicanyi bugirigwa abamenyeshamakuru kurutonde. Hakurikije ibitangazwa na CPJ, abagera kuri 13 barishwe, ico gigitiri kibaca gisa nicagabanutse gato kuva kuri 31 mu 2012, 29 mu 2013 na 17 mu 2014.

CPJ ivuga ko igabanuka ry’abamenyeshamakuru bishwe muri Sirirya ridasigura neza ukwo ibintu vyifashe. Iryo shirahamwe rivuga ko iryo gabanuka rishobora kuba kuruhande rumwe risigura igitigiri c’abamenyeshamakuru bakorera murico gihugu bagabanutse.

Ivyo bikaba vyavuye kumashirahamwe mpuzamakungu atakirungikayo abakozi bayo. Ahandi naho ugasanga abaturuka murico gihugu barahunze.

XS
SM
MD
LG