Uko wahagera

Iraki: Ingabo Zigaruriye Umujyi wa Ramadi


Abategetsi mugisirikare ca Iraq batangaza ko bamaze gushinga ibendera ry’igihugu ku nyubakwa ya reta mugisagara ca Ramadi, nyuma yaho hari haheze 7 abagwanyi ba Islamic State barafashe uwo mugwa mukuru w’intara ya Anbar.

Yamara amakuru ashikirizwa n’abategetsi b’igisirikare ca Iraq asa n’ayadahuza kubijanye n’intsinzi bamaze gushikako murico gisagara kiri mu burengero bw’igihugu. Brigadier Jeneral Yahya Rasool yatangarije kuri television ya reta ko kuri uno musi wambere ko intara ya Ramadi yabohowe.

Ariko umukuru ayoboye ibikogwa vya gisirikare mu ntara ya Anbar, jeneral Ismail al-Mahlawi, we avuga ko ibice vy’ico gisagara bigifashwe n’abagwanyi ba Islamic State.

XS
SM
MD
LG