Uko wahagera

Urukiko rwa Arusha Ruzosoza Imirimo yarwo


Mu mpera z’uku kwezi kwa cumi na kabiri niho sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku Rwanda yokoreraga i Arusha muri Tanzaniya izokwugara.

Mu myaka mirongo ibiri irangiye iyo sentare imaze, yagirije abantu 93 ko bagize uruhara mw’ihonyavyaha. Abantu 61 baramaze gucirwa imanza, 14 nabo bambikwa izera.

Abakurikiranira hafi bikorwa vy’iyo sentare bamenyesha ko kubona yarakurikiranye kandi igacira imanza abari inyuma y’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda vyatumye haba uguhinduka mu vyiyumviro vy’abantu no mu mategeko mpuzamakungu.

Iyo Sentare ku Rwanda ntishimwa nabose. Bamwe bayidogera ko yaciriye imanza abantu bake kandi ko yari muri Tanzaniya, kure y’imiryango y’abahitanwe n’iryo honyabwoko.

Abandi bakayidogera ko yamaze ikiringo kirekire kandi yakoresheje uburyo bwinshi b’amafaranga, ko ari kimwe mubitumye yugarwa.

Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu ryo muri Amerika Human Rights Watch rimenyesha ko ritashimishijwe nuko iyo sentare itabashije kurengutsa abo mu muhari wa FPR wari uhanganye n'ingabo za reta y'URwanda y'ico gihe.

XS
SM
MD
LG