Uko wahagera

Inteko za Iraki Zigeze Hafi ya Ramadi


Inteko za Iraki mu buraruko bw'igisagara ca Ramadi
Inteko za Iraki mu buraruko bw'igisagara ca Ramadi

Inteko z’igihugu ca Iraki zinjiye mu gice co hagati y’igisagara ca Ramadi aho ziriko zigerageza gusubira kwigarurira ico gisagara Reta ya Iraki yatakaje haheze amezi indwi.

Ku musi ugira kabiri w’igitero gikomeye c’inteko za Reta, zibifashijwemwo n’inteko zidasanzwe zijejwe kurwanya iterabwoba zateye zija mu kibanza kirimwo inyubakwa za Reta mu gisagara ca Ramadi, umurwa mukuru w’intara ya Anbar.

Abarwanyi amajana n’amajana b’umurwi Islamic State bavurwako binyegeje mu gice co hagati y’igisagara ca Ramadi.Abategetsi b’igisirikare ca Iraki bavuga ko vyitezwe ko inteko za Reta zigarurira igisagara cose ca Ramadi mu misi mikeyi iri imbere.

Umuvugizi w’urunani ruyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ruriko rufasha inteko z’igihugu ca Iraki n’ibitero vy’indege z’ingwano mu bibanza vy’umurwi Islamic State, Colonel Steve Warren aritondera uko abona ibikorwa vya gisirikare vy’inteko za Reta ya Iraki, mu kuvuga ko naho ata nkeka kw’inteko za Reta ya Iraki zizosubira kwigarurira igisagara ca Ramnadi, ko ruzoba urugamba rukomeye kandi ruzofata igihe.

Amenyesha ko bivurwa ko hari abarwanyi bari hagati y’amajana abiri na mirongo itanu n’amajana atatu na mirongo itanu mu gisagara ca Ramadi, n’abandi amajana n’amajana mu bice vyo hafi y’ico gisagara.

XS
SM
MD
LG