Uko wahagera

Abasilikari 6 b'Amerika Bishwe muri Afuganisitani


Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Afghanistani, Nicholas Haysom yabwiye urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe kwubahiiriza umutekano kw’isi, ejo ku musi wa mbere kw’umutekano utera uhungabana kurushiriza mu gihugu ca Afghanistani.

Ibyo yabitangaje amasaha makeyi inyuma yuko umwihevyi w’umu Talibani yitwaje bombe yishe abasilikari b'Amerika batandatu mu gitero ku inteko z’urunani rw’ukwivuna abansi rw’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN.

Nicholas Haysom avuga kw’inteko z’igihugu ca Afghanistani zikeneye ibikoresho bimeze neza kurushiriza kugira bibahe ingoga kurushiriza.Yongeye kandi asaba ko haba intambwe ku ruhande rwa politike, mu kuvuga ko Reta y’ubumwe ikeneye kwerekana ko itera ikora neza kurushiriza mu mwaka uza.

Inteko za Amerika zirenga igihumbi n’amajana umunani zarishwe kuva ingwano itanguye mu gihugu ca Afghanistani mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’2001.

XS
SM
MD
LG