Uko wahagera

Afurika Yarahiriye Guhagarika Ubwicanyi mu Burundi


Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika umenyesha ko wifatanije n’amakungu utazobandanya kwicara ngo ureke ubwicanyi n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu bibandanye mu Burundi.

Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa mbere na Erastus Mwencha, icegera c’uwurongoye Komisiyo y’Ubumwe bwa Afrika mu kiganiro yahaye ijwi rya Amerika.

Mwencha amenyesha ko inteko zicungera amahoro zemejwe ku musi wa gatanu n’akanama kajejwe amahoro n’umutekano k’Ubumwe bwa Afrika kurungikwa mu Burundi zigamije kuburizamwo bwicanyi kubandanya kimwe no gukingira umutekano w'abanyagihugu.

Mwencha abivuze inyuma yaho avuga ko bumvise ko reta y’Uburundi ku musi w’Imana yatangaje ko itazokwemerera izo nteko z’Ubumwe bwa Afrika kubutaka bwayo.

XS
SM
MD
LG