Uko wahagera

Kirundo: Umuyoboke wa UPRONA Yararusimvye


Umukuru w’umugambwe Uprona ishami rya Charles Nditije mri commune Bugabira yaraye ahatswe kugandagurwa n’abantu batamenyekanye.

Denis Haringanji yarakomerekejwe na grenade yatewe inyuma yo guhushwa n’amasasu menshi yarashwe n’abo bantu bamutegereye atashe.

Umukenyezi bari kumwe yarakomerekejwe n’urusasu rwaheze mu kuguru.

Buramatari w’intara ya Kirundo yatanze risaba abategetsi bo mur’iyo ntara no muri commune Bugabira gukora ibishobotse vyose kugira ngo ikibazo c’umutekano muke kiguma kigaruka muri commune Bugabira, kironke inyishu.

Mushobora kwumviriza inkuru twateguriwe na Jean Bosco Ndarurinze

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:45 0:00

XS
SM
MD
LG