Uko wahagera

Burundi: Icemezo Co Kurungika Inteko


Abasirikare babiri bakomeretse igihe bariko baratana mu mitwe n'abari mu mirwi irwanya ubutegetsi, bateye amakampi ya gisiriakare
Abasirikare babiri bakomeretse igihe bariko baratana mu mitwe n'abari mu mirwi irwanya ubutegetsi, bateye amakampi ya gisiriakare

Umurwi w’abategetsi bagize inama y’ishirahamwe rya Afrika ijejwe amahoro n’umutekano, warafashe icemezo co Kurungika inteko 5000.

Ico cemezo co kurungika izo nteko zijejwe kwamira no gukingira, zititiwe MAPROBU, cafashwe ku musi wa gatanu .

Iyo ngingo yo kurungika inteko rero iravugwako vyinshi. Hari abibaza ukuntu ibintu vyogenda mu gihe reta y’Uburundi itokwemera izo nteko.

Hari abavuga ko vyoca bigorana, kuko ku ruhande rumwe ishirahamwe rya Afrika rishobora kwisunga ingingo ivuga ko rifise uburenganzira bwo kurungika izo nteko, cane cane mu gihe ubuzima bw’abanyagihugu buba bugeramiwe kandi mu gihe hashobora no kuba ihonyabwoko, maze rikarungika izo nteko, reta y’UBurundi ibishaka canke itabishaka.

Ariko hari n’abavuga ko mur’ico gihe iyo ngingo yoba iteye kubiri n’amategeko.

Abatumire bacu, professeur Paul Nkunzimana, Innocent Bano hamwe na Audifax Ndabitorere, bakwirikiranira hafi politike y’Uburundi, baradushikiriza ivyiyumviro vyabo kur’ico cemezo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:58:10 0:00

XS
SM
MD
LG