Uko wahagera

Irani Iriyamiriza Igisirikare ca Nigeria ku Bitero ku ba Shi'ite


Ikarata ya Nigeria
Ikarata ya Nigeria

Abategetsi b’igihugu ca Irani, bariyamirije inyifato y’igisirikare c’igihugu ca Nigeria y’ugukandamiza aba Islamu b’aba Shi’ite mu bivurwako vyahitanye abantu amajana n’amajana mu buraruko bw’igihugu.

Inama nshingamateka y’igihugu ca Irani ku musi wa kabiri yasavye prezida w’igihugu ca Nigeria kugirisha itohoza kuri abo bantu bishwe, mu gihe ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwatumyeko umutegetsi mukuru aserukira igihugu ca Nigeria, kugira bwerekane ko bwiyamirije ubwo bwicanyi.

Aba Islamu b’aba Shi’ite bagera ku gihumbi barishwe mu bitero vyabaye mu mpera z’indwi irangiye, mu gisagara ca Zaria, mu ntara vya Kaduna, mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria.

Igisirikare c’igihugu ca Nigeria kiremeza ko habaye ugutana mu mitwe mu gisagara ca Zaria, yamara nticashikirije igitigiri c’abapfuye.

Ubwicanyi bwatanguye ku musi wa gatandatu, inyuma yuko abanywanyi w’umurwi w’aba Islamu muri Nigeria, Islamic Movement of Nigeria, bazibiye ibarabara rikuru, batangura, nkuko bivurwa n’ivyabona, gutera amabuye imodoka zari ziherekeje umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Nigeria, General Tukur Burati.

Umuvugizi w’igisirikare avugako ico cari igikorwa carondera kugandagura uwo mugenerali.

Uwo murwi w’aba Shi’ite uvuga ko batagerageje kwica uwo mugenerali, kw’igisirikare cagize igitero cari categuwe imbere yaho ku ba Shi’ite.

Umurwi Islamic Movement of Nigeria, urondera gushiraho Reta ifatiye ku mategeko ya ki Islamu, mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria, biciye muri revolisiyo nk’iyo mu gihugu ca Irani.

XS
SM
MD
LG