Uko wahagera

Urabanza rw’Abagirizwa Coup d'Etat Rwabandanije


Cyrille Ndayirukiye yigeze kuba umushikiranagnji wo kwivuna abansi
Cyrille Ndayirukiye yigeze kuba umushikiranagnji wo kwivuna abansi

Urubanza rw’abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi mu Burundi mu kwezi kwa gatanu rwabandanije ku ncuro ya kabiri muri sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Gitega.

Urubanza ntirwaburanishijwe mw’ido nido kuko abashingwamanza batari bitavye kandi abanyororo bakaba basavye kuronswa umwanya ukwiye wugusoma ibiri mu ma dosiye yabo.

Mu ntahe y’icese yo kuruyu wa kabiri hari hitavye abanyororo 8.

Batatu muribo bafise ipete rya Général. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye yigeze kuba umushikiranagnji wo kwivuna abansi, Juvénal Niyungeko batazira Kiloho hamwe na Zénon Ndabaneze.

Abandi batatu nabo bafise ipete rya Major. Abo ni Ricahard Hagabimana, Eric Ntahomvukiye na Aloys Nzokira. Abandi babiri umwe n’umu colonel w’umukukuruke Jean Bosco Daradangwa uwundi nawe nawe afise ipete rya Capitaine akaba yitwa Barnabé Barimbereyimana.

Murabo umunani bose , Major Ntahomvukiye niwe wenyene yarafise uwumwunganira mu kuburana.

Abanyororo bandi indwi bavuze ko batazi icasibije abashingwamanza babunganira kuko bigoye kuvugana n’abashingwamanza babo iyo basubiye mw’ibohero.

Imbere y’urukinja yaba uwazanye umwunganizi baba abatabazanye bose bavuze rumwe.

Babwiye abacamanza ko badashobora kuburana mu gihe batarabona neza dosiye zabo ngo bazisome kugira bamenye ido n’ido ivyo baregwa kimwe ku kindi n’ingene bashobora kuvyisigurako.

Abadafise abashingwamanza bo bongeyeko ko batoburana ata babunganira bafise.

Sentare yamenyesheje abafungwa ko aruburenganzira bwabo kuronswa ababafasha kuburana.

Ariko icibamenyesha ko abashingwamanza bose batitavye mu ntahe y’icese kuruyu wa kabiri bahagaritswe mururwo rubanza.

Abo nabo bagera kundwi.

Sentare ibagiriza ko bayisuzuguye, bagashaka kudindiza urubanza n’ugutegeka sentare ngw’igendere kuvyifuzo vyabo.

Maitre Onesime Kabayabaya yasiguye impamvu batitavye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:53 0:00

Uwaserukiye leta mururwo rubanza Adolphe Manirakiza , we yavuze ko agiye kwitwarira abo bashingwamanza kugira bafutwe mu gwego gw’abashingwamanza kuko ngo bakoze ibidakorwa.

Sentare yahaye ikiringo c’imisi itatu abanyororo kugira babe barondeye abandi bashingwamanza bashasha babunganira gushika ku musi wa gatanu w’iyi ndwi itariki 18 rikaba ari isango rishasha ry’ugusubira gusasa mururwo rubanza. Kuruwo musi abashingwamanza baboneka canke bataboneka, urubanza rutegerezwa kuburanishwa mw’ido n’ido nk’ukumukuru w’intahe Albert Nduwimana yavyemeje.

Ukwari 28 abasirikare n’abapolisi bafungiwe mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Gitega bagirizwa ivyaha bitatu nyamukuru :

Ugushira mu ngiro umugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi hamwe n’uguhamagarira abanyagihugu gufata ibigwanisho mu ntumbero yo gutembagaza ubutegetsi, ukwica abasirikare n’abapolisi no konona n’ugusenyura inyubakwa nyinshi.

XS
SM
MD
LG