Uko wahagera

Mu Busuwisi: Babiri Barakekwaho Iterabwoba


Inzego z’umutekano mu Busuwisi zarafashe abantu babiri b’ubwenegihugu bwa Siriya ku mujyi wa Geneve ejo kuwa gatanu. Abo bantu bafashwe inyuma yaho abajejwe umutekano batoye amabombe mu modoka barimwo.

Abategetsi bo mu mujyi wa Geneve bari bamaze igihe kitari gito barondera abantu bane bakekwa kuba mu muhari w’abaJihadi bakorana n’umuhari wa Etat Islamique ariko igipolisi nticamenyesheje ko abo bantu bafashwe har’ico basana n’bo bariko barahiga. Nta mazina y’abo bantu babiri yatanzwe canke agace bafatiwemwo.

Igipolisi c’Ubusuwisi kuva kuwa kane kiragavye kuva aho kironkeye inkuru ko har’abantu bikekwa kugira uruhara mu bitero vy’I Paris vyo kuwa 13 z’uku kwezi boba bari I Jeneve canke mu micungararo yahoo

XS
SM
MD
LG