Uko wahagera

Intumwa z'Amahanga mu Biyaga Bigari


Umurwi ugizwe n’intumwa za ONU, ubumwe bwa Afrika, ubumwe bwa Burayi, na Reta Zunzubumwe za Amerika mu biyaga bigari ziri mu rugendo mu karere k’ibiyaga bigari.

Mu rugendo rwabo rwa mbere muri Uganda izo ntumwa zarabonanye na Visi Perezida wa Uganda Edward Kiwanuka Ssekandi; Minisitiri wo kwivunabansi, Crispus Kiyonga; na Minisitiri wa reta ajejwe imigenderanire mu karere Philemon Mateke.

Ibiganiro vyabo vyashimikiye ku kuntu umutekano n’ivy’agateka ka muntu bibandanya bihungabana mu Burundi nuko vyihutirwa gutanguza ibiganiro bidakumira birongowe n’umuryango wa Afurika y’ubuseruko.

Bavuganye kandi ingene bosambura imirwi yitwaje ibirwanisho igisibije muri reta iharanira Demokarasi ya Kongo cane cane umuhari ADF urwanira mu karere ka Beni hamwe n’ugutahukana abasirikare ba M23 bakiri muri Uganda.

Ku vyerekeye Uburundi, izo ntumwa zidasanzwe zimenyesha ko zihangayikishijwe n’ukuntu atamusi wijana ata muntu apfuye mu Burundi ko ari ngombwa ko hatangura ibiganiro atawe bikumira. Bamenyesha kandi ko bashigikiye ko Perezida Yoweli Museveni yotanguza ibiganiro mu maguru masha.

Inyuma y’urwo rugendo mu Buganda, izo ntumwa zitegekanya kuja I Kinshasa, no mu buseruko bwa reta iharanira Demokarasi ya Kongo aho bazoganira n’abategetsi ibijanye n’amatora yimirije no gusubira gutanguza ibikorwa vya gisirikare hagati y’inteko za MONUSCO n’iza Reta ya Kongo iharanira Demokarasi.

Izo ntumwa zigizwe n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k’ibiyaga binini, Said Djinnit yaserukiwe n’umufasha w’umunyamabanga mukuru Modibo Touré, Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU muri Reta Iharanira Demokarasi ya Kongo akaba arongoye inteko za MONUSCO Maman Sambo Sidikou, intumwa idasanzwe y’ubumwe bwa Afrika, Prof. Ibrahima Fall yaserukiwe n’uwujejwe ivya Politike Kassimi Bamba, Intumwa idasanzwe ya Reta zunzubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello n’umunyamabanga w’ubumwe bwa Burayi mu karere k’ibiyaga bigari, Koen Vervaeke.

XS
SM
MD
LG