Uko wahagera

Burundi: Icenda Bishwe muri Mairie ya Bujumbura


Igipolisi c’u Burundi cemeza ko abantu icenda bapfuye mu gihe abajejwe umutekano bariko bakurikira ababateye ama grenades, mbere ngo hari n’umupolisi yahasize ubuzima.

Ababanyi b'abo bantu bamenyesha ko bakuwe mu mazu yabo imbere y’ukwicirwa kw’ibarabara.

Turetse abo bantu biciwe mu Cibitoke n’uwo mupolisi yahaguye, uwundi muntu umwe yiciwe kuri Jabe ku muhingamo wo kuruyu wa gatatu nyene. Uwundi mupolisi yiciwe mu Bwiza mw’ijoro ryo kuruyu wa kabiri mu gitero cabereye ku biro vya Mairie.

Aho nyene haguye uwo mupolisi, mu gaturuturu ko kuruyu wa gatatu umunyagihugu avuka mu Buterere yahiciwe n’igipolisi.

Igipolisi kivuga ko camwiketse kwari umusuma kimuhagaritse yanka guhagarara, hanyuma abapolisi baca baramurasa acaracikana ubwo nyene.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza ni we wakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:52 0:00

XS
SM
MD
LG