Uko wahagera

Perezida Obama Ati: Turwanye Ingengabitekerezo y'Iterabwoba


Perezida Barack Obama avuga uburyo bwo kurwanya ISIS
Perezida Barack Obama avuga uburyo bwo kurwanya ISIS

Perezida wa Leta zunze ubumwe z'Amerika BarackObama atangaza ko indongozi z’Abayisilamu zikwiye gufashanya na Reta Zunzubumwe za Amerika mu kurwanya ivyiyumviro bitera urwanko biriko birakwiragizwa n’imihari y’iterabwoba ya al-Qaida na Etat Islamique.

Ivyo yabishikirije mw’ijambo ahejeje kugeza ku banyamerika kur’uyu wa mungu.

Perezida Obama asaba Abanyamerika bo mu madini atandukanye kutifatanya n’abavuga ko abo mw’idini rya Islamu bakwiye guharirwa ivomo kuko vyoba bihaye akaryo umuhari wa Etat Islamique ko kubiba urwanko hagati y’abanyamerika.

Perezida Barack Obama amenyesha kandi ko igipolisi ca FBI kikiriko kiragira amatohozwa ku gitero cabaye mu ndwi irangiye mu gisagara ca San Bernardino muri reta ya California, muri Reta Zunzubumwe za Amerika.

Ariko yamenyesheje ko atavyemeza birerekana ko ubwo bwicanyi har’isano bufitaniye n’ibitero vy’iterabwoba bimaze igihe vyiha inkumbi.


Ku kibazo cy'uburyo bwo kwirinda iterabwoba, bwana Obama yavuze ko igisirikare ca Reta zunzubumwe za Amerika kiriko kirahangana n’abagira iterabwoba kw’isi.

Yafatiyeho amenyesha ko abakora iterabwoba ubu basigaye bakoresha uburyo bworoshe kurwanya nk’ibiheruka kuba muri reta ya Californiya.

Bwana Obama yemereye Abanyagihugu ko atankeka bazotsinda umuhari w’iterabwoba wa ISIL, ko igisirikare ca Amerika kizokwica indongozi z’imihari y’iterabwoba mu gihugu cose zizoba zinyegejemwo.

Ku ngamba zo gufatanya n'amahanga, Perezida Obama yasobanuye ko Reta zunzubumwe za Amerika zizobandanya ziha imyimenyerezo ya gisirikare n’ibirwanisho abasirikare ba Siriya na Iraki bariko bararwana intambara yo hasi na ISIL.

XS
SM
MD
LG