Uko wahagera

COP21: Integuro y’Amasezerano ya Nyuma Yabonetse


Inama yiswe COP 21 irabandanije i Paris mu Bufaransa
Inama yiswe COP 21 irabandanije i Paris mu Bufaransa

Kuri uno wagatanu, abarungitswe n'ibihugu vyabo ngo bategure amasezerano ahanini agamije kuraba ingene ivyuka birungikwa mu kirere vyogabanurwa, ibihugu bikenye navyo bigashigukirwa mw'iterambere ryubahiriza ibidukikije berekanye aho bagejeje gutegura ayo masezerano ari ku mpapuro 50.

Ibihugu bikenye vyiteze infashanyo igera ku ma miriyaridi ijana y’ama dollari y’abanyamerika, bikaba bidashima na gato ibiri muri iyo nteguro y’amasezerano.

Tumwe mu tunenge batora iyo nteguro, n'uko ibihugu nk’ubushinwa birungika ivyuka vyinshi mu kirere biterekana urugero canke ikiringo bitegekanya ku gabaniriza ivyuka birungikwa mu kirere bivuye ku mahinguriro.

Igihugu ca leta zunze ubumwe za Amerika cagirizwa kikongera kikiyemerera kuba kirungika ivyuka vyishi nta kibazo kibona mukwiyemeza ryari cotangura kugabanya ivyuka n'urugero iyontumbero yoshikako.

Ariko,muri iyo nteguro y’amasezerano Amerika ntiyemera ko ikigega gitegekanijwe gufasha ibihugu bikenye cokwega ibihugu vyateye imbere mubutunzi. Amerika ibona yuko ico kigega cotereramwo igihugu cose kibishoboye ata kahise mu vy’ivyuka birungikwa mu kirere kabanje kurabwa.

Tossi Panu Panu ari mu bahagarariye ibiganiro ku rwego rwa Afrika, ahamagarira impande zose kutadadaza kuko umwe wese agumye kuco yiyunvira cobera ciza igihugu ciwe amasezerano ahurijweko na bose yogorana kuboneka.

Panu Panu avuga ko atahura abariko barondera gufashwa kwisununura ibidukikije vyubahirijwe ,ariko akanabasa korosha muvyo basaba kuko ari nkahamwe bimwe mu bihugu bitunze vyo kwikura muri ayo masezerano, vyotuma n'ibindi vyinshi biyiyonkorako.

Uyundi muce w’abantu bavuga kuba batisanga muri iyo nteguro y’amasezerano ni abasangwabutaka bomu mihingo itandukanye. Abo basangwa butaka bamenyesha ko n’ingingo ya kabiri yari yategekanijwe kuzokwerekana neza ingene amateka yabo yo kubahirizwa atayo basanze muri iyo nteguro igiteye impari.

Ibihugu vya Afrika Bivuga ko bidashima iyo nteguro y’amasezerano vyagirizwa ku ruhande rwavyo kuba biriko birarenza urugero muvyo bisaba. Ivyo bihugu nyene bisabwa gutsimbataza intwaro ibereye.

Ni mugihe kimwe muco ibihugu bitunze bimaze kwiyemeza, ari uguhimiriza abanya mitahe gutwara imitahe yabo muri Afrika. Ivyo ngo bikaba bisaba intwaro ibereye ihumuriza abo banyamitahe

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:03:34 0:00

XS
SM
MD
LG