Uko wahagera

Uburayi Bwaburiye u Rwanda kw'Ihindurwa ry'Itegeko Nshinga


Umuryango w'Uburayi ugizwe n'ibihugu 28
Umuryango w'Uburayi ugizwe n'ibihugu 28

Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya umenyesha ko uhangayikishijwe n’ihundurwa ry’ibwirizwa nshingiro mu gihugu c’u Rwanda.

Mw’itangazo uwo muryango wasohoye kw'igenekerezo rya 3/12/2015, umenyesha ko guhindura ibwirizwa nshingiro ar’igikorwa gikwiye gukorwa ku nyungu y’abanyagihugu bose muri rusangi. Yasobanuye ko ibyo bikorwa kugira habe ihinyanyurwa ry’amategeko mu ntumbero yo gukomeza inzego z’igihugu kugira zibashe guhangana n’ibibazo biba bihari.

Ati ariko guhindura ingingo kunyungu z’umuntu umwe, bitesha agaciro amabwirizwa y’igihugu kuko bihungabanya ibijanye no gutwara gushingiye kuri demokarasi nkuko biri mu ngingo ya 23 y’amasezerano agenga Afurika muvya demokarasi, amatora, n’intwaro ibereye.

Ihindurwa ry’ingingo zimwe zimwe mw’ibwirizwa nshingiro ry’u Rwanda, mu nyuma zikemezwa n’inama nshingamateka, bikaba vyitezwe kandi ko rihabwa abanyagihugu ngo baryemeze, ntakindi bigamije atari kujana u Rwanda mur’iyo nzira.

Ishirahamwe rya Buraya rimenyesha ko rishigikiye kubisikanya hisunzwe Demokarasi, kandi bikaba kumugaragaro, bigahuza bose nkuko amategeko ya Afurika abivuga.

Mu bihugu vyubahirije ibiringo, vyemeye ko haba ihinduka, abanyagihugu bavyo barushirije kwizigira inzego. Yongeyeho agira ati, hariho uturorero tutari duke ku mugabane wa Afurika.

Kubw’ivyo Ishirahamwe rya Buraya rimenyesha ko rizobandanya gushigikira amahoro n’iterambere mu karere k’ibiyaga binini kandi rizobandanya kugiranira ibiganiro n’abategetsi b’u Rwanda.

XS
SM
MD
LG