Uko wahagera

Christian Kabore Yatsinze Amatora ya Perezida


Muri Burkina Faso, Christian Kabore yahoze ari ministre wa mbere niwe aza imbere mubiharuro vya mbere mu matora y’umukuru yabaye ejo kuwa mungu.

Amakuru dukesha umumenyeshamakuru w’ijwi rya Amerika Emilie Iob, ari I Ouagadougou, amenyesha ko aza imbere ku majwi arenga 50%, bishoboka ko atsinda mu gice ca mbere.

Umurwi ujejwe gutunganya amtora muri Burkina Faso umeneysha ko isaha zitandatu z’ijoro mu masaha yahoo umenyesha muri rusangi ivyavuye mu matora.

Anbanyagihugu bashika imiliyoni zitanu bariyandikishije kugira batora mu bakandida 14 bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Kabore na Zephirin Diabre yarwanijwe reta kuva kera nibo baza imbere mur’ayo matora.

Mugihe atawotahukana amajwi arenga kubice 50% mugice ca mbere hategekanijwe ko ahaca hatunganwa igice kigira kabiri.

XS
SM
MD
LG