Uko wahagera

Abanyakenya Bakurikiye Misa ya Papa Fransisiko


Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari bari kuri kaminuza y’igihugu ca Kenya aho Papa Fransisko yasomeye misa, kuri uno musi wa kane, wagenewe akaruhuko muri ico gihugu ca Afrika.

Papa Fransisiko yashitse kuri iyo kaminuza azanywe n’umuduga wiwe udasanzwe bita “popemobile” asanzwe akoresha iyo agendeye ibihugu, uwo muduga, waca muri abo bantu insinzi bari barindiriye kumubona.

Muriyo misa, papa yaganirije urwaruka. Avuga ati, “ndasavye cane cane mwebwe gwaruka, kugumana akaranga ka Afrika, ubwenge buva mw’ijambo ry’imana, kimwe n’ivyiyumviro bishasha vya mwe mukiri bato, bibe arivyo bibabayobora mugutunganya kazoza keza, kagizwe na bose, kandi kajanye no kugira ubuntu. Papa yavuze ashimitse kandi akamaro k’umuryango, n’akamaro k’abana.

Mbere yaho, aho papa yari yahuye n’abayobozi b’idini rya gikristu, n’abidini rya Kislamu, yuko bategerezwa kuja mubiganiro vyerekeye ku gwanya imitima y’intagondwa n’ubwicanyi bugenda bugigwa mw’izina ry’imana.

XS
SM
MD
LG