Uko wahagera

Turukiya n'Uburusiya Birarebana ay'Ingwe


Inyuma y’aho igihugu ca Turukiya gikororeye indege y’Uburusiya ku rubibe ico gihugu gihana na Siriya, Prezida Barack Obama wa Reta zunzubumwe za Amerika na Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya bemeranije ko aringombwa ko hafatwa ingino amasanganya nkayo ntasubire kuba.

Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vya Prezida Obama ejo kuwa kabiri, rimeneysha ko abo bategetsi baboka ko hakwiye kuba reta mfatakibanza muri siriya kandi ko amakungu akwiye kuja ahamwe mu rugamba rwo kurwanya Etat Islamique.

Mur’iryo tangazo kandi Reta zunzubumwe za Amerika irashigikiye ko Turukiya gifise uburenganzira bwo gukingira akarere kaco.

Ejo kandi ku musi wa kabiri Perezida Obama yamenyesheje ko kubona Turukiya carakoroye indege y”uburusiya ar’ikimenyetso cuko ibikorwa vya Gisirikara Uburusiya burimwo muri Siriya bidatomoye.

Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin yagirije igihugu ca Turkiya kuba casogose umbugita mu mugongo w’Uburusiya, kandi ko gifasha iterabwoba inyuma yahoo indege z’ingwano za Turkiya, zirashe indege y’ingwano y’Uburusiya, SU-24 ku rubibe Turukiya gihana na Syria.

Ministre w'ububanyi n'amahanga w’Uburusiya Sergei Lavrov yamenyesheje ko ahagaritse urugendo yariko arategura kugira muri Turukiya kandi ahamagarira Abarusiya guhagarika ingendo bajamwo muri Turukiya.

Ibihugu rutura vyagiye hamwe mu kwivuna umwansi vyaciye bikoranya inama yihuta kugira baganire kur’iryo sanganya.

XS
SM
MD
LG