Uko wahagera

Prezida Obama Azoja muri Asia mu Ndwi Iza


Bitegekanijwe ko Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, ashimikira ku gukorana mu karere ka Pacifique, mu rugendo azogira muri Philippines na Malaysia mu ndwi iza.

Umuhanuzi mukuru ku bibazo vyerekeye umutekano wa prezida Obama, Susan Rice yatangaje kw’amasezerano y’uruja n’uruza ata ntambamyi mu vy’ubudandaji mu karere ka Pacifique, ari ikintu gikomeye cane ku migambi yabo ya kazoza k’akarere ka Pacifique.

Amenyesha kw’inyungu za Amerika zifatiye ku karere ka Asia na Pacifique. Ngo niho inyungu za politike n’ubutunzi za Amerika zihurira.

Bitegekanijwe ko prezida Obama aja mu nama y’ibihugu vyo mu karere ka Pacifique mu gisagara ca Manilla mu ndwi iza izokwirikirwa n’inama y’ishirahamwe ry’bihigu vyo mu bumanuko bushira ubuseruko bw’akarere ka Asia mu gisagara ca Kuala Lumpur, mu kiringo c’imisi itandatu azomara mu karere ka Asia.

XS
SM
MD
LG