Uko wahagera

Iraki: Umurwi Islamic State Watakaje Sinjar


Prezida w’aba Kurde bo mu gihugu ca Iraki, Massoud Barzani yatangaje uno musi ku wa gatanu kw’abarwanyi b’aba Kurde bafashe igisagara ca Sinjar abarwanyi b’umurwi Islamic State bari bamaze ikiringo kirenga umwaka bigaruriye.

Abarwanyi b’umurwi Islamic State bishe bongera bagira abashumba aba Yazidi ibihumbi n’ibihumbi mu gisagara ca Sinjar igihe bafata ibice bitari bike vyo mu gihugu ca Iraki mukwezi kw’umunani mu mwaka w’2014.

Muri ico gihe, mu gihugu ca Tunisia, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry yatangaje ko yishimiye kw’akarere ka Sinjar kazohabuzwa ,

Inteko z’aba Kurde zifashijwe n’ibitero vy’indege z’ingwano za Amerika mu kiringo c’imisi iri imbere.

Abarwanyi b’umurwi Islamic State babonwako bashobora kuba bari bavuye mu gisagara ca Sinjar igihe inteko z’aba Kurde zinjira muri ico gisagara.

Inteko z’aba Kurde zinjiye mu gisagara ca Sinjar zivuye mu bice bit6andukanye kugira zituze abarwanyi b’umurwi Islamic Sate muri ico gisagara.

XS
SM
MD
LG