Uko wahagera

Burundi: Babiri mw'Icumi Biciwe mu Kanyosha Bashyinguwe


Kuwa gatatu tariki 11 y’ukwezi kwa 11 umwaka wa 2015, niho haba ibirori vyo gufubana iteka abantu babiri kuri 10 baheruka kugandagurirwa muri zone Kanyosha mu kabare kitwa “Au Coin des Amis”.

Ni muri komine Muha yo mu gisagara ca Bujumbura. Imisa irangiye abaje gusezera ababo, batumbereye ku mpanda ahateguwe gushinguranwa iteka abahisi.

Ipfubwa ry’abo bahisi, Jean Marie Havyarimana yahora akora muri PNUD na Nzeyimana Zacharie yahora ari nyene akabare kagwiriyemwo iryo bara, ryabaye mu mutekano ntangere kuko ryari ricungerwe n’abapolisi hamwe n’abasirikare b’igihugu.

Umunyamakuru w’Ijwi rya Amerika, Evariste Nzikobanyanka yari ahari.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:19 0:00

XS
SM
MD
LG