Uko wahagera

HRW Ihanganyikishijwe n'Ihohoterwa mu Burundi


Umukozi w'Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw'isi HRW muri Amerika, Philippe Bolopion, avugako Uburundi buri mu bihe bigoye. Bisaba ko harindwa inryane zishobora kwaduka mu mibano y'ibihugu na cane amakungu agategerezwa kubigiramwo uruhara runini.

Philippe Bolopion, ahagarariye ishirahamwe, human right watch muri ONU mu gisata kijanye n'ivyintambara, yavuze ko amakungu adategerezwa kurindira ko Uburundi burwa mu kaga.

Ibi bije inyuma yuko inama y'umutekano y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ikoraniye kur'uyu wa mbere mu kurabira hamwe ikibazo c'Uburundi bibonekako imishamirano ibandanya yiyongera bikaduza ubwoba mu bantu ko hashobora kuba ihonyabwoko nk'iryabaye mu Rwanda mu 1994.

Bolopion yavuzeko inama y'umutekano itegerezwa kugabisha abarundi bose. Yanavuzeko umurwi uraba ivy'amategeko wasavye umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe Mpuzamakungu gutorera inyishu mu maguru masha ikibazo c'Uburundi harimwo kugena intumwa idasanzwe mu Burundi yo kwiga uburyo bushoboka bwo kurungika igipolisi mpuzamakungu kiza gufasha na cane cane mu mpande ziberamwo amabi.

Umushikiranganji w'imigenderanire ya leta n'ayandi makungu mu Burundi, kuruy'uwambere yarahakanye ko mu gihugu ciwe ata mabi ahakorerwa.

Umushingantahe Alain Aime Nyamitwe mu nama yihutirwa ishirahamwe mpuzamakungu yari yakoranije bakoresheje ubuhinga bw'amasanamu ico bita video link yavuze ari i Bujumbura ko igihugu c'Uburundi muri rusangi gitekanye kandi abanyagihugu bari mu nzira y'amahoro.

XS
SM
MD
LG