Uko wahagera

Burundi: Umutekano Muke mu Ntara ya Bujumbura


burundi
burundi

Ku murwa mukuru wa komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura habaye kur’uno wa kabiri uruganda rwo gusigurira abaserukira abandi ingene umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu ukora. Uruganda rwaremeshejwe n’abarongoye uwo murwi babifashijwe n’ishirahamwe ry’abanyamerika USAID.

Abitavye urwo ruganda bagaragaje ko mu turere babamwo hari vyishi bihungabanya agateka ka zina muntu. Bavuga abitwaje ibigwanisho, ibihuha bikwiragizwa, inkuru zica ivutu; amakungu adatahura kumwe ingorane z’Uburundi n’ibindi. Ikindi batari bazi , n’ingene umurwi CNIDH ukora.

Inyishu bahawe bazikengurutse, bakavuga ko bagiye kuzishikiriza abo baserukira haba mu ntwaro , no mu mashirahamwe atandukanye.

Urwo ruganda rwabaye mu gihe mur’ino misi bigaragara ko agateka ka zina muntu gahungabanywa n’ibihe vya politike igihugu kirimwo, intara ya Bujumbura idasigaye inyuma .

Urwo ruganda rwabaye kandi inyuma y’amezi atandatu arangiye mu makomine amwamwe y’intara ya Bujumbura harangwa icuka kibi . Ico cuka caturutse ku myiyerekano yabaye mu mpera z’ukwezi kwa kane uno mwaka; aho hari abagiye mu mabarabara biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Président Pierre NKURUNZIZA.Ivyemezwa n’umuhanuzi mukuru wa Buramatari w’intara ya Bujumbura.

Urwo ruganda rwateguwe n’umuhari w’iguhugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu ufashijwe n’ishirahamwe ry’abanyamerika USAID. Rwitabwe n’abaserukira abandi mu ntwaro, mu mashirahamwe yigenga, abajejwe umutekano ,abanyamashengero, n’urwaru baturuka mu makomine 9 agize intara ya Bujumbura, no mu mazone ya Bwiza, Kanyosha na Musaga yo mu gisagara ca Bujumbura.

XS
SM
MD
LG