Urwego rujejwe umutekano kw'isi rwa ONU kuri uyu wa kabili rwarahuye kugira rusabe abayobozi b'Uburundi, guhagurukira ibibazo vy'uburenganzira bw'ikiremwa muntu, n'ugutorera inyishu ibibazo biri mu gihugu, birimwo ihohoterwa rikomeye ry'uburengenzira bw'ikiremwa muntu n'ivy'umutekano.
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ku bibazo vya politike, Jeffry Feltman, yamenyesheje kw’ubwicanyi bubandanya kwiyongera mu Burundi. Yaravuze no kw’iyicwa vy’abantu icenda mu bunywero mu Kanyosha ku musi wa gatandatu uheze.
Jeffrey Feltman yatangaje ko batewe amakenga n’amajambo aturira amaze imisi ashikirizwa na bamwe mu bategetsi ba Reta y’Uburundi. Amenyesha ko imvugo nkiyo itegerezwa guhagarara.
Bwana Feltman amenyesha kw’igipolisi mu bisanzwe gitegerezwa kwubahiriza amategeko ko yamara gifise uruhara mu bwicanyi ndengerabutungane bubandanya kuba mu Burundi.
Yamenyesheje kw’inzira yonyene y’ugutorera inyishu ibibazo bihari muri iki gihe mu Burundi ari ibiganiro birimwo impande zose.
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U ku bibazo vya politike, Feltman amenyesha ko bashigikiye utwigoro twerekeye ibiganiro tw’umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika. Yongeyeho ko ishirahamwe O-N-U ribandanya kuvugana na Reta y’Uburundi kandi ko rishira imbere ibiganiro.
Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ajejwe agateka ka muntu, Zeid Ra’ad Al Hussein, nawe yaravuze ku bwicanyi ndengerabutungane bwabaye mu Burundi mu mezi arangiye harimwo ubwicanyi bufatiye ku mpamvu za politike.
Amenyesha kw’imbonerakure zibandanya kurya umutima abanyagihugu, rimwe na rimwe zibifashijwemwo n’igipolisi, zikaba zidahanwa.Bityo asaba ko Imbonerakure zitegerezwa kwakwa ibirwanisho, kandi ko amajambo akokeza ubwicanyi n’urwanko yohagarara.
Zeid Ra’ad Al Hussein amenyesha kw’ubwicanyi buriko butuma abanyagihugu basanzwe bahunga ingo zabo. Atangaza ko muri iki gihe hari abarundi barenga ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani bavuye mu vyabo n’abahungiye mu karere k’ibiyaga binini vyo muri Afrika yo hagati.
Mu bindi yasobanuye ni uko prezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza yatanguje umugambi w’ibiganiro hagati y’Abarundi mu kwezi kw’icenda ko yamara ko gushika ubu uwo mugambi udahuza mu vy’ukuri impande zose mu buryo vyotuma igihugu gisubira mu nzira y’amahoro.
Zeid yaboneyeho no gusaba ibihugu bibanyi vy’Uburundi kwongereza utwigoro twavyo ku vyerekeye ibiganiro bihuza impande zose za politike mu Burundi. Ku ruhande rwa ONU, yasabye ko urwego rwayo rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi ko rwobandanya rukwirikiranira hafi ibibera mu Burundi.
Mu bandi bashikirije amajambo muri iyo nama yo ku Burundi, barimo umuhanuzi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, ajejwe kwirinda ihonyabwoko, Adama Dieng.
Dieng yamenyesheje ko mu gihe ubwicanyi bubandanya kwiyongera mu Burundi batewe umutima uhagaze cane n’ijambo umukuru wa Sena y’Uburundi, Reverien Ndikuriyo aherutse gushikiriza ryibutsa amajambo yakoreshejwe mu Rwanda mu gihe c’ihonyabwoko ryo mu mwaka w’1994.
Dieng yatangaje ko ku neza y’Abarundi bose, Reta y’Uburundi itegerezwa kwiyemeza ku vyerekeye ibiganiro. Amenyesha k’abakora canke abakokeza ubwicanyi bategerezwa gukwirikiranwa bagashirwa imbere y’intahe. Dieng yasavye kw’amakungu ategerezwa gukingira Abarundi.
Naho umushikiranganji ajejwe imigenderanirew'Uburundi n'amakungu, Alain Nyamitwe, mu vyo yashikirije, yatanguye gushimira amakungu ku twigoro twayo ku vyerekeye Uburundi. Yamenyesheje kw’ibiganiro biri mu mico y’Uburundi. Amenyesha kw'umuco nkuwo wotegerezwa kwisungwa. Amenyesha kw’impande zose zivyumvikanako muri rusangi.
Ministri Nyamitwe avugako komisiyo y’igihugu ijejwe ibiganiro hagati y’Abarundi yashizweho, kandi kw'izokwihweza ibibazo vya politike, ubutunzi n’imibano. Amenyeshako Reta y’Uburundi itanka ibiganiro, ngw’uburyo ivyo biganiro vyoba nivyo vyokwihwezwa.
Yarashigikiye ingingo ya Reta y’Uburundi y’ukwaka ku nguvu ibirwanisho abantu bavyitwaje batabifitiye buburenganzira inyuma y’ikiringo tarengwako c’imisi itanu catanzwe na Reta y’Uburundi.
Ku bijanye n’impunzi, Ministri Nyamitwe yamenyesheje ko Reta y’Uburundi iriko ikorana n’ishirahamwe ryitaho impunzi, HCR kugira zishobore gutahuka. Mu gusoza, avuga ko Uburundi burondera kubandanya gukorana n’amakungu kugira batere bagira intambwe bari hamwe.
Amenyesha ko kugabisha gufatira ibihano Uburundi bitazofasha muri iyo ntumbero.