Uko wahagera

Burundi: Abanyagihugu Barahunga Ingo Zabo


Abanyagihugu bo ku mutakura bavuga ko abo bantu babiri biciwe kw’ibarabara rya kane umwe muribo yamenyekanye. Yari umutama azwi kw’izina rya Kazungu yadandaza inzoga y’urwarwa.

Mu gipolisi gushika bavuga ko abantu bane aribo bishwe kandi ko bose bari abagizi ba nabi. Umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE yabwiye ijwi rya Amerika ko babiri muribo biciwe kw’ibarabara rya gatanu ku Mutakura. Abo nabo ngo bari bafise grenande imwe n’amasasu 20.

Umuntu wa gatatu igipolisi cemeza ko yitwa Abdul yavuka muri komine n’intara ya Kayanza cavuze ko yarashwe n’abasirikare mu gitondo co kuruyu wa gatanu.Uwo ngo yari yafatanywe grenade mw’ijoro ryo kuruyu wa kane. Igihe abasirikare bari bamujanye mu gasho k’igipolisi yashatse kubacika baca baramurasa aca apfa ubwo nyene.

Uwundi muntu yishwe ni Welly Fleury NZITONDA,umuhungu wa Pierre Claver MBONIMPA arongoye ishirahmwe Aprodh riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo.

Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko mu gatondo ko kuruyu wa gatanu abajejwe umutekano n’ukuvuga absirikare n’abapolisi bakoreye hamwe aho ku Mutakura. Ico bikora ngo nta muntu n’umwe wundi yari yahagaritswe nabo kiretse abanyarwanda babiri n’umurundi umwe bafatanye grenade zibiri ubu bakaba bafungiwe mu gipolisi. Umuntu yiciwe kury’icumi na gatatu nawe ngo yariko ageregeza gutera grenade abajejwe umutekano ariko ntaramenyekana uwariwe.

Umwe mubavukanyi ba Welly Fleury NZITONDA twavuganye yavuze ko yibaza ko ata kindi mwene wabo yazize atari ibikorwa vya se vy’uguharanira agateka ka zina muntu. Asaba inzego z’umutekano kugira amatohoza hakamenyekana abishe umuvukanyi wiwe kuko abasirikare n’abapolisi bariko bakorera aho umuvukanyi wiwe yaguye kandi banafise ababarongoye.

Abanyagihugu bo mu ma quartiers yaMutakura na Cibitoke muri Zone Cibitokemu buraruko bwa Bujumbura, ku ncuro ya kabiri basubiye kwirirwa barahunga kuva mu gitondo gushika ku mugoroba. Abo banyagihugu bemeza ko batewe ubwoba n’amajambo y’abategetsi bamaze imisi bavuga. Rimwe muriyo n’iri ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO.

Kuva ku musi wa gatatu mw’ijoro, mu buraruko bwa Bujumbura hamaze kwicwa abantu umunani.Karitiye ya Mutakura yaguyemwo indwi ; nayo Buterere hapfa umuntu umwe.

XS
SM
MD
LG