Uko wahagera

Ubwicanyi Hagati y’Abanyapalestina n’Abanyaisrael


UmunyaPalestina yakase n’imbugita abanyeshule babiri b’abanya Israeli biga ivy’idini mu gisagara ca Jeruzalemu uno musi ku wa gatanu yarashwe n’inteko zijejwew umutekanao z’igihugu ca Israel arakomereka.

IgitigIri kinini c’abapolisi batanguye kugira ama patrouille inyuma y’igitero hakoreshejwe imbugita cabereye mu gisagara ca Yeruzalemu.

Mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, abandi banya Palestina babiri barashwe mu gitero hakoreshejwe imbugita cagizwe ku gipolisi ca Israel kuri bariyeri mu ntara ya Cisjordaniya hafi y’igisagara ca Hebron.

Umuvugizi w’igipolisi ca Israel yatangaje umwe mu bagize ico gitero mu gisagara ca Hebron yishwe, uwundi arakomereka. Umupolisi umwe yakomeretse.

Amakuru atangazwa amenyesha kw’abantu bari mu myiyerekanao batanye mu mitwe n’inteko z’igihugu ca Israel ku nkengera z’igisagara ca Ramallah, abanya Palestina icenda bakaba bakomerekejwe n’insoro z’imipira.

Ugutana mu mitwe kw’uno musi ku wa gatanu n’ukwa nyuma kubaye mu gutana amu mitwe kwihaye inkumbi hagati y’abanya Israeli n’abanya Palestina. Abantu batari bake barapfuye mu kwezi guheze bivuye ku bitero hamwe n’ukwihora. Benshi mu bishwe n’abanya Palestina.

XS
SM
MD
LG