Uko wahagera

USA: Kongre Yumvikanye ku Ngengo y'Imari


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yatangaje kw’umugambi wa Reta w’ugukoresha amafaranga mu kiringo c’imyaka ibiri wemejwe n'inteko ishinga amategeko ya Amerika uno musi wa gatanu ari umugambi utumbereye. Yavuze ko azowuterako igikumu adatevye niyo urwandiko rwawo rwamushikira.

Perezida Obama avuga ko ukwumvikana ku vyerekeye amafaranga Reta izokoresha vyibutsa kw’abategetsi i Washington bashobora guhitamwo gufasha ah’ukuba intembamyi kw’iterambere rya Amerika.

Kongre ya Amerika iyobowe n’abo mu mugambwe w’Abarepublika barahanganye incuro zitari nke na Perezida w’umu Demokrate ku vyoshimikirwako mu gukoresha amafranga ya Reta, , mu vyatumye in ncuro zitari nke igihugu gihakwa kutubahiriza ibiringo nterengwako ku vyerekeye ikoreshwa ry’amafranga ya Reta.

Umugambi mushasha utegekanya hafi y’imiliyaridi ibihumbi bine vy’amadolari ku vyerekeye amafranga Reta izokoresha ku mwaka gushika mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’2017, indwi nkeyi inyuma yuko prezida Obama arangije ikiringo ciwe ca kabiri mu mabanga ya prezida. Ico gihe hazoba hari umuyobozi mushya wa Kongre.

XS
SM
MD
LG