Uko wahagera

Ibiganiro Mpuzamahanga kuri Siriya


Sekereteri wa leta w'Amerika John Kerry na minisitiri w'ububanyi n'amahanaga w'Uburusiya Sergey Lavrov i Vienne muri Otirishiya tariki ya 30 y'ukwa gatanu mu 2015.
Sekereteri wa leta w'Amerika John Kerry na minisitiri w'ububanyi n'amahanaga w'Uburusiya Sergey Lavrov i Vienne muri Otirishiya tariki ya 30 y'ukwa gatanu mu 2015.

Reta Zunzubumwe za Amerika zimenyesha ko zigiye gukoresha ibiganiro mpuzamakungu kuri Siriya bibera I Vienne muri Otirishiya kur’uyu wa gatanu kugira zibonereho akaryo ko gusaba ko Prezida Bashar al-Assad wa Siriya atange imihoho

Ivyo biganiro biza kuba birimwo ibihugu 15 birimwo Irani n’Uburusiya, soma mbike na Prezida Assad kandi bumufasha muvya gisirikare kugira agume ku butegetsi.

Sekreteri wa reta wa Reta zunzubumwe za Amerika John Kerry amenyesha ko ivyo biganiro ar’akaryo keza bari bamaze imisi bipfuza kuronka kugira bahagarike amaraso yama aseseka.

John Kirby avugira deparitoma ya reta aha muri Amerika yamenyesheje ejo ku musi wa kane ko ivyo biganiro bizoshimikira gushiraho reta mfatakibanza muri Siriya ishobora kugarukana amahoro kuko itazoba irimwo Perezida Assad.

Abandi bazoba bitavye iyo nama kandi bashigikiye ko Perezida Assad akinjura ni Arabiya Saoudite na Turukiya.

XS
SM
MD
LG